watermark logo

Up next

Autoplay

BURUNDI Imbere tv iti niwumve imigambi izodukinjisha ubgayi bg'abansi

1 Views • 28/09/22
Share
Embed
YouTube
YouTube
1 Subscribers
1

Hahirwa ihanga rifise Uhoraho Ndiho ko Imana yaryo !
Mu ntumbero yo gushimika ubumwe mu gihugu cacu c'u BURUNDI, uno muhora BURUNDI Imbere Channel tv wateguye intumbere zitatu:
(1) Gukangura Abarundi gukunda igihugu cabibarutse, bazirikana na ntaryo ko twe turi mu mahanga baducura bufuni na buhoro nk'abaja.
(2) Kubwirana ukuri mu gushimangira no guharanira amahoro mu Burundi.
(3) Kurondera Imana Ndiho mw'izina rya Yesu Kristo, mu ntumbero yo kujijuka no kuzobona ijuru (Ijuru ririho s'agaseseshwa rumiri)
Kubifuza kuzohora badushikiriza ibiganiro, impanuro, canke gusangiza abandi ubumenyi bafise, bazohora batwandikira kuri:
-Email: burundimbere@gmail.com
-Telefone ngendanwa: +27 60 400 7456
Mushobora gushikira uno muhora muri ubu buryo:
-Gukora komenti zirimwo impanuro kandi atabitutsi birimwo. Umurundi yiyubashe, yama afise impinyanyuro n'uruphasoni mu mvugo, iyo atari igihe c'imikomo
-Kuzana ubumenyi n'ivyiyumviro bihindura imigambi y'ububisha n'ubwicanyi mu karere, kubera abakoloni b'Abazungu n'abasangira ngendo babo.
-Kuzana ijambo ry'Imana rifise intumbero yo kwihana no gukundana - Ntibisobanura ko tutazovuga akahise ku bicanyi no kubwicanyi bakoze, canke amabi bakoreye ikiremwa muntu.
-Kudusengera ngo Imana iduhe ubgenge n'ubumenyi bikwiriye
-Kuduterera mu bikogwa biteza imbere abatishoboye mu Burundi.

"Tuvuge dukora, dukore tunumye".
Muragahezagigwa, ikime c'amahoro ava ku Mana Ndiho kibuzureko.

Salomon Habimana.

Show more
0 Comments sort Sort By
Facebook Comments

Up next

Autoplay